Scroll to Top

Patiri Sabokwigina Ildephonse yaraye ahatswe kugandagurwa Imana irakinga

By Janvier Nzokurigomba / Published on Monday, 21 May 2018 05:09 AM / /

Patiri mukuru wo kuri paruwase  Nyabihanga yaraye ahatswe kugandagurwa n’umugizi wa nabi ataramenyekana amusanze kw’iyo Paruwase aho asanzwe aba.

Nk’uko amakuru ava kuri Paruwase Nyabihanga abimenyesha, Patiri mukuru w’iyo Paruwase Sabokwigina Ildephonse ngo yaraye ahatswe kugandagurwa n’umugizi wa nabi ataramenyekana yitwaje ikirwanisho amusanze aho asanzwe aba kuri iyo Paruwase nyene.

Aho ni mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana waraye uheze, igenekerezo rya 20 Rusama hafi igihe c’isaha zitatu z’ijoro aho uwo mugizi wa nabi yitwaje ikirwanisho yamusanga aho asanzwe aba kuri Paruwase Nyabihanga niho Patiri Sabokwigina amaze kubona ko uwo mugizi wa nabi afise ikirwanisho ngo yagerageza kurwana nawe ngo arabe ko yokimwaka yamara ahemuka amurashe maze amukomeretsa ku kuguru, mu mugongo hamwe no mu rubavu.

Patiri Sabokwigina Ildephonse ngo akaba yahavuye ajanwa kuvurirwa ku bitaro vyo mu Kibumbu.

12,958 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment