Scroll to Top

Inkino za Primus League zigiye kubandanya ku ndwi ya 29

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 22 May 2018 09:21 AM / /

Aho bukera ku musi wa gatatu igenekerezo rya 23 hamwe no kuwa kane igenekerezo rya 24 Rusama umwaka w’2018 ihiganwa rya Primus League rigiye kuzobandanya ku ndwi igira 29.

Imigwi izoba muri iryo higanwa ikaba izohura uku gukurikira :

Ku musi wa gatatu ‘igenekerezo rya 23/05/2018 :

– Isaha icenda z’umuhingamo (15h00)  ku kibuga citiriwe Ingoma c’i Gitega, Athletico Olympic izohura na Flambeau de l’est

– Isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’Urukundo, Ngozi City izohura na Inter Star.

Nayo ku musi wa kane igenekerezo rya 24 Rusama umwaka w’2018 imigwi izohura uku gukurikira :

– Isaha indwi z’umuhingamo (13h00) ku kibuga c’i Buganda, Les lierres izohura na Les jeunes Athletics

-Isaha indwi z’umuhingamo (13h00) ku kibuga citiriwe Ingoma c’i Gitega, Delta Star izohura na Olympic Star

-Isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’i Gitega nyene, Aigle Noir izohura na Musongati Fc

-Isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’Ivyizigiro, Messager Bujumbura izohura na Flambeau du centre

-Isaha icenda z’imuhingamo (15h00) ku kibuga c’i Buganda, Bujumbura city izohura na Vital’o Fc

-Nayo igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’Urukundo, Messager Ngozi ihure na LLBS4A.

9,626 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment