Scroll to Top

Etienne Ndayiragije yamaze kuba umumenyereza wa Singida United.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 23 May 2018 11:32 AM / /

Umugwi wa Singida United wo mw’ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaguru ry’igihugu ca Tanzania, washize ahabona izina rya Etienne Ndayiragije nk’umumenyereza mukuru wayo, asubiriye umunya holande  Hans van der Pluijm, aherutse gutanga imihoho.

Amakuru ava mu kinyamakuru kimwe comu gisagara ca Dar es Salam, cemeza ko Hans van der Pluijm yatanze imihoho kugira ngo ashobora kumenyereza umugwi wa AZAM FC , Bin Zubeiry Sports – Online cemeza ko ikibanza ciwe kigiye gufatwa na Ndayiragije, inyuma y’uko yaramaze iminsi atumvikana n’indongozi za Mbao FC.

Etienne Ndayiragije akaba yari yashitse muri Mbao FC mu mwaka w’2016, akaba yawushikanye ku ncuro yawo ya mbere muri kahise mu rukino rwa nyuma rwa AZAM Confederation Cup.

8,658 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment