Scroll to Top

Ibihano vyari vyarafatiwe ikinyamakuru “Le renouveau” vyahagaritswe

By La Rédaction / Published on Wednesday, 23 May 2018 17:16 PM / /

Urwego rw’igihugu rujejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora CNC rwafashe ingingo yo gukura ibihano rwari rwarafatiye ikinyamakuru le Renouveau, ibihano vyahagarika mu kiringo c’amezi atandatu (6mois) igisata kijejwe kumenyesha amatangazo muri ico kinyamakuru.

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru, Karenga Ramadhan aramutswa ubuyobozi bw’urwo rwego rw’igihugu CNC yamenyesheje ko imvo zatunye urwo rwego ruhagarika ibihano rwari rwafatiye ico kinyamakuru ko aruko cemeye ivyo cagirizwa congera ciyemeza gukurikiza impanuro cahawe na CNC.

Karenga Ramadhan yamenyesheje kandi ko ibihano vyafatiwe ama radio mpuzamakungu ijwi rya Amerika (VOA) hamwe na BBC ko vyo bikibandanya. Akaba yamenyesheje ariko ko abarongozi b’ayo ma radio bategekanya kurungika imirwi idasanzwe kugira barabire hamwe ikibazo cayo ma radio.

6,996 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment