Scroll to Top

Diamond yazanye ibitari bimwitezweko muri Tanzania

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 24 May 2018 03:50 AM / /

Diamond Platnumz agiye gushiraho isabukuru rizokwama riba buri mwaka yise Wasafi Festival.

Diamond Platnumz muri kino gihe aharurwa mu barwizatunga bakomeye muri Tanzania, badatinya gukora igikorwa na kimwe babona ko cobazanira inyungu. Uwo muririmvyi akaba aheruka kumenyesha ko agiye gutanguza muri uno mwaka isabukuru yise Wasafi Festival.

Nkuko amakuru dukesha Bongo5 abimenyesha, uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe mu mwaka wa 2016 we na bagenziwe bakoze isabukuru ikomeye mu mice ibiri ya Tanzania, irimwo Iringa na Dar es sallam.

Mwokwibuka ko muri uno mwaka nyene uwo muririmvyi n’umurwi arongoye wa Wasafi baheruka gushinga imboneshakure hamwe n’insamirizi. ibikorwa vyiwe kandi bikaba bigera mu mbuga zigurisha umuziki, ama Parfum co kimwe n’ikaranga.

4,715 total views, 0 views today

Add Comment