Scroll to Top

Lulu yagize ico abwirwa gukora kugira imizimu ya Kanumba ntimukurikirane

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 24 May 2018 04:10 AM / /

Lulu ngo akwiye nawe gushinga umuryango,ariko hampande y’ugukubura ibiro vya bandi, ngo ntiyibagire imva ya kanumba kugira imizimu ntize imukurikirane.

Inyuma y’ugufungurwa kwa Lulu Michael inyuma y’amezi ashika kuri 7 afunzwe, uwo mukobwa yahanuwe na se wa kanumba kuzoza araja gukubura imva ya Kanumba ngo bikunde umuzimu wa kanumba ntuzomukurikirane.

Uwo muvyeyi wa Kanumba aganira n’ikinyamakuru Ijumaa Wekienda co muri Tanzania, yavuze ko aryohewe kuba Lulu asohotse ibohero, ngo kubera uwo mwana w’umukobwa akwiye nawe kuronka ubuzima, akarongorwa akavyara kandi akaroranirwa.

Naho se wa Kanumba avyumva uko, ariko nyina we ntiyerekwa iryo rekurwa ry’uwo mukobwa yagirizwa urupfu rw’umuhungu wiwe Steven Charles Kanumba.

Mwomenya ko Lulu yahawe akazi ko kuzoza arakora isuku muri imwe mu nzu zikoreramwo ubushikiranganji, akazokora amasaha 4 ku musi kugeza arangije imisi bari bamuciriye ko azomara mu gasho.

5,953 total views, 0 views today

Add Comment