Scroll to Top

Ukuri ku kudasohoka kw’amasanamu y’indirimbo Girl Freind ya Sat-b kwamenyekanye

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 26 May 2018 05:19 AM / /

Kent-p arahakana ko ivy’uko indirimbo ishobora kutaja ahabona atarivyo, naho hoba hatari icuka ciza hagati ya Sat-b na label arimwo LEC.

Urukurukuru ruhari ko ivyo Sat-b yemereye aba fans biwe bishobora kutazoshirwa ahabona ngo ngo n’ububeshi, ivyo bishikirizwa na Kent-p umwe mu bamwegereye kandi akaba mu murwi usanzwe ukurikiranira hagufi ibikorwa vyiwe. Ivyo twavuga ko yemeye n’amasanamu y’akaririmbo Girl Freinds yakoranye na Dully Sykes umunya Tanzania.

Mu kiyago gito twagiranye yamenyesheje ko amasanamu y’iyo ndirimbo bateganya kuyashira ahabona, inyuma y’ukwezi kweranda kwa Ramadhan.

Twashatse kumenya nimba ivyariko biranavurwa ko basa n’abatakiri muri label ya LEC, Kentp yamenyesheje ko atarivy na gato, ngo sat-b aracaharurwa mu baririmvyi bakurikiranwa n’ishirahamwe LEC.

Kent-p yanagiriyeko anahumuriza aba fans ba Sat-b ko ivy’uko ukuba asa n’uwutariko arahuza na LEC muri ino misi bizoshobora gutuma iyo ndirimbo itaja ahabona ngo navyo atarivyo, ngo aho bigeze ntacoyibuza gusohoka.

Mwomenya ko LEC ari Label ya 4 Sat-b arimwo, akaba yahereye mu minwe ya Landry Mugisha na Amir Pro, mu nyuma yakirwa na Dj JAckson muri Bukiv. Sat-b yahavuye na African Sound Records, ubwa nyuma yumvikana ageze muri Ikoh Multiservices.

10,283 total views, 0 views today

Add Comment