Scroll to Top

Messager Ngozi yaraye itahukanye igikombe cayo ca mbere ca Primus league

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 27 May 2018 01:50 AM / /

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka wa 2018 i Muyinga ku kibuga c ‘umuco aho ihiganwa rya Primus league ryari riteye kundwi ya nyuma yayo ariyo ya 30 aho umurwi Olympic Star wari wakiriye Messager Ngozi urukino ruza kurangira banganije Ibitsindo 2-2.

Kunganya k’umugwi Messager Ngozi kwatumye batwara igikombe cabo ca mbere ca Primus League kuvaho uyo mugwi wegukira Amashure ya Messager ukina mu cicaro cambere ukaba utwaye ico gikombe usumbije LLBS4A inota rimwe gusa.
MasterLand

Messager Ngozi waduze mu cicaro ca mbere mu mwaka wa 2012 ukaba wari umaze gutwara igikombe citiriwe umukuru w’igihugu c’umwaka wa 2016.

Uyo mugwi Messager Ngozi ukaba utwaye ico gikombe umenyerezwa n’umufaransa yigeze gukinira umugwi Olympic Marseille mu mwaka wa 1993.

21,999 total views, 0 views today

Add Comment