Scroll to Top

Ngwijuruvugo atwaye igikombe ca GMT ari mu migwi ibiri itandukanye.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 28 May 2018 13:02 PM / /

Umumenyereza  wa REG BBC, Ngwijuruvugo Richard yaraye ashikanye ibikombe bibiri vya GMT ( International Genocide Memorial Tournament) atahukanye, ari mu migwi ibiri itandukanye.

Ku munsi w’ Imana niho harangira izo nkino mu gisagara ca Kigali, aho uno mumenyereza wa REG BBC ari kumwe n’abasore biwe batahukanye itsinzi imbere y’umugwi wa Patriots ku manota 73-67 , gurtyo atahukana igikombe n’ibahasha ry’amafaranga y’amanyarwanda agera ku muliyoni (1,000,000FRwa).

Ngwijuruvugo akaba yatahukanye incuro zibiri zose  ari kumwe n’ umugwi wa Berco Stars (2015-2016), ubu naho rero akaba agitahukanye amenyereza mu gihugu c’Urwanda muri REG BBC.

Mu kiringo kitarenga ukwezi ahawe amabanga y’ukuba umumenyereza mukuru, amaze kumenyereza inkino icenda azitsinda zose.

Iryo higanwa rikaba ryari ryitabwe  n’imigwi  ivuye mu gihugu ca Congo hamwe no muri ico gihugu c’Urwanda mu gihe uno mwaka ata mugwi wo mu Burundi warimwo.

10,806 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment