Scroll to Top

Batanze insobanuro y’ijambo Bwoy ryumvikana mw’izina rya label ya Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 29 May 2018 18:49 PM / /

Ijambo Bwoy rikunze kwumvikana aha iwacu mw’izina ry’inzu y’ubuhinyanyuzi ya Big Fizzo ryateje uruhagarara ngo  hamenyekane ico risobanura.

Ijambo Bwoy riherekeza riharawemuri The Bwantu Bwoy Ent. inzu y’ubuhinyanyuzi ya Big Fizzo, rirateye uruhagarara ku rubuga ngurukanabumenyi rwa facebook.

Gafotozi Jimmy Nzisabira benshi bazi nka Jimmy Nzi ku musi wa mungu igenekerezo rya 20 rusama kuri Facebook iwe ati :”Noba ndumwe nifuza insiguro y’ijambo ” BWOY ” ? munfashe mubwire”. Bamwe mu bagenzi biwe n’abamukurikirana kuri urwo rubuga baragize ico bashikiriza kuri ayo makenga yiwe.

Hampande y’abarenga 70 bagize Like kuri ayo majambo yarahejeje kwandika, abandi bo barishuranye mu buryo bwa Commentaire. Abatari bake bakaba bagerageza kuvuga ico bibaza, hakabamwo n’abakoresheje amajambo tutashimye gushikiriza ngaha.

Uwundi murwi wo ukaba wamenyesheje ko iryo jambo rikomoka mu congereza kuvurwa mu gihugu ca Jamaica, ngo abo muri ako gace kisi bavuga icongereza kidasa n’icabandi. Aho bakavuga ko mu kuvuga umukobwa mu congereza -Girl- bo bivugira Gyal, nayo mukuvuga umuhungu -Boy- ngo bakoresha iryo jambo Bwoy.

Muri ico kiyago cabaye kuri urwo rubuga rwa mugenziwacu Nzisabira, hakaba harabonetsemwo umwe mu bagize The Bantu Bwoy, Ininahazwe Raissa, hamwe na Facebook y’umurwi Wanajeshi Kamili. Ariko abo bose akaba ata nsobanuro babashije gutanga kuco Nzi yari yabajije.

23,273 total views, 0 views today

Add Comment