Scroll to Top

FIFA irakeza Messager Ngozi ku gikombe ca Primus Ligue iherutse gutahukana.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 31 May 2018 02:30 AM / /

Ishirahamwe ry’umpira w’amaguru kw’isi FIFA, ryaraye rirungitse ubutumwa bw’ugukeza Messager Ngozi, ku gikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi baherutse gutahukana.

Muri iryo kete riteweko umukono na Giani Infantino, arongoye FIFA, ashimira indongozi z’uyo mugwi , abakinyi bayo, abakunzi bayo. Muri rusangi, abitanze bose kugira ngo bashike kuri iyo ntambwe.

” Kw’izina ry’abakurikirana umupira w’amaguru bose, nagira nshimire Messager Ngozi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ku gikorwa c’ugukwiragiza ubutumwa bwiza bufatiye ku mupira w’amaguru.”

Tubibutse ko Messager Ngozi igiye guserukira igihugu c’Uburundi mu gikombe ca Afrika ku migwi yabaye iya mbere iwabo.

11,009 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment