Scroll to Top

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora yo kuwa 17 Rusama

By La Rédaction / Published on Friday, 01 Jun 2018 02:22 AM / /

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ibiherutse kuva mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama uwu mwaka turimwo w’2018.

Umukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, Charles NDAGIJIMANA , avuga ko sentare imaze guca hirya no hino ivyashikirijwe n’umurwi utegura amatora CENI, yasanze amatora yabaye hisunzwe amategeko.

Charles NDAGIJIMANA avuga kandi ko, ku bantu bitavye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, Ego yatsinze ku majwi 73,24 kw’ijana, Oya ku majwi 19,23 kw’ijana, abataco babivuzeko aba amajwi 4,1 kw’ijana, ayabaye impfagusa nayo aba 3,24 kw’ijana.

Ku birego vyashikirijwe n’Urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, amenyesha ko ibirego vyabo ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, basanze bidafashe.

Umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wari watangaje ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

4,866 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment