Scroll to Top

Inkino z’igice ca kabiri mu gikombe c’umukuru w’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 01 Jun 2018 07:16 AM / /

Igikombe c’umukuru w’igihugu mu mupira w’amaguru kizobandanya mu mpera z’ino ndwi,inyuma y’aho imigwi igera kuri ine ironse amahirwe y’ukubandanya.

Imigwi nka Vital’o FC – Burundi Sports Dynamic – Delta Star- Olympique Star niyo igiye kurondera itike y’ugukina urukino rwa nyuma rutegekanijwe ku wa 23 Ruheshi uno mwaka mu ntara ya Gitega.

Mu nkino zitegekanijwe ejo rero ni: Vital’o FC bazohura na Burundi Sports Dynamic ku kibuga c’i Ngozi hamwe na Olympique Star izohura na Delta Star mu ntara ya Muyinga. Inkino zose zikaba zitegekanijwe igihe c’isaha icenda (15h).

Tubibutse ko uwuzotahukana ico gikombe azoserukira igihugu mw’ihiganwa rya Afrika mu gikombe ca CAF (African Confederation Cup). Igikombe c’umwaka uheze kikaba catahukanywe na Olympique Star ikuyemwo mu rukino rwa nyuma Messager Ngozi (2-1).

 

5,555 total views, 0 views today

Add Comment