Scroll to Top

Urasenga Dany Cedric niwe mukinyi yaranze ihiganwa rya Primus Ligue (2017-2018).

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 01 Jun 2018 11:50 AM / /

Kizigenza w’umugwi wa Messager Ngozi, Urasenga Dany Cedric niwe ahejeje gushikirizwa nk’umukinyi yaranze ihiganwa   rya Primus Ligue muri uno  mwaka.

Urasenga Dany Cedrick  yarushije abandi bakinyi nka Johnatan Nahimana na Shaka Bienvenue   bariko barahiganirwa akogashimwe.

” Ndashimiye Imana ubwa mbere, ndashimiye abarongozi ba Messager Ngozi, abamenyereza bacu badufashije gushika kuri uno munsi no gushika kuri ino ntambwe.” Ayo niyo majambo yashikirijwe n’uno mukinyi wa Messager Ngozi.

Dany Cedric akaba yahawe agashimwe keza cane gaherekejwe  ibahasha ringana n amafaranga umuliyoni mu marundi.

4,728 total views, 0 views today

Add Comment