Scroll to Top

Amasanamu y’ururirimbo Sabwe rwa Masterland buca aja ahabona

By king epimax / Published on Saturday, 02 Jun 2018 04:42 AM / /

Amasanamu y’ururirimbo  “Sabwe” rwa  Masterland ngo arashirwa ahabona kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Ruheshi. Ivyo vyashikirijwe na Masterland ubwiwe .

Urwo ruririmbo rukaba ruzoba rwakorewe amasanumu inyuma y’imisi itari miki rusohotse . Aho inyuma yisohoka ry’amajwi ry’ugo rurimbo rwateye ibibazo bitandukanye kuko bamwe bibaza ko uwo muririmvyi yoba yakiriye agakiza.Ariko mu nyuma akaba yagiye abahumuriza ababwira ko yashatse kwerekana nawe ko indirimbo z’Imana azishoboye ko kandi atariyo ndirimbo akoze ubwa mbere ihayagiza Imana.

Ishirwa ahabona  ryayo masanamu rizoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 3,Ruheshi umwaka wa 2018 mu Gasenyi kuri kabare bita kuri One people Bar, kwinjira akazoba ari ku buntu .

Bazotangura kwerekana ayo masanamu igihe c’isaha imwe z’ijoro gushika isaha zibiri z’ijoro aho bazomara isaha yose bihweza ayo masanamu y’urwo ruririmbo.

Mwomenya ko ayo masanamu azoba asohotse inyuma yaho Masterland twamuheruka mu masanamu y’ururirimbo   Alima ari wenyene n’urundi  arikumwe na Mt Number one.

5,322 total views, 0 views today

Add Comment