Scroll to Top

Coupe du Président| Vital’o yirahiye BSD gutyo ironka uburenganzira bw’ugukina urukino rwa nyuma

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 02 Jun 2018 10:58 AM / /

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 02 Ruheshi umwaka wa 2018 ku kibuga c’umuco kiri mu ntara ya Ngozi aho haba urukino rw’igice 1/2 c’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu rwahuza umugwi Vital’o Fc hamwe n’umugwi Burundi Sport Dynamic, urwo rukino rukaba rwarangiye Vital’o itsinze Dynamic ibitsindo 2-1 bigoranye.

Hakizimana Hassan batazira Bokande wa Vital’o niwe yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere ku munota wa 18 w’urukino ica kabiri cinjizwa ku munota wa 41 w’urukino n’umukinyi wo hagati Mbirizi Christian nayo igitsindo ca Burundi Sport Dynamic kikaba cinjijwe ku munota wa 53 .

Vital’o ikaba yaciye ironka uburengazira bw’ugukina urukino rwa nyuma mu kurindira umugwi uzotsinda mu rukino ruzoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 03 Ruheshi isaha icenda z’umuhingamo (15h00)  aho nyene ku kibuga c’i Ngozi ruzohuza imigwi ya Olympic Star hamwe na Delta Star.

5,744 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment