;
Scroll to Top

Diaspora | Basket Ball: Abarundi bo mu bisagara vya Phoenix na Maine bahuriye mu rukino rwa kivandimwe.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 02 Jun 2018 14:17 PM / No Comments / 1069 views

Kw’igenekerezo rya mbere rya kuno kwezi, wari umunezero mwinshi ku barundi baba  mu bisagara vya Phoenix na Main ( USA), aho bahura mu rukino rwa kivandimwe.

Imikangara yaserukiye igisagara ca  Phoenix Arizona ikaba ari nayo yatahukanye itsinzi muri urwo rukino,  rwari rwitabwe na bamwe mu barundi baba muri ivyo bisagara uko ari bibiri.

Portland Maine Basketball Team

Nk’uko twavyiganiwe n’umwe mu barundi bakiriye abavukanyi babo bo muri Maines, yatumenyesheje ko Urwo rukino rwatanguye biboneka ko amahirwe menshi ahabwa umugwi wo muri Maines kuko usanzwe umaze igihe urikumwe kandi ukina n’inkino zitari nke.

Phoenix Arizona Basketball Team

Ivyo ntivyabujije ko imikangara ikiri mito yo mu gisagara ca Phoenix Arizona, yifatira ibintu mu minwe irangiza urukino ku ntsinzi y’ amanota 83 ku 59 y’abashitsi baje bava muri Porland Maine.

Urwo rukino rukaba rwakinywe mu ntumbero y’ugukomeza umuvukano n’ubucuti ku barundi  basanzwe bari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ibirori bikaba vyabandanirije ahitwa Kiwanis Park. 

7,277 total views, 0 views today