;
Scroll to Top

#Burundi Diaspora | Ibirori vyobaye mu mpera z’uku kwa Ruheshi vyungururijwe ku rindi sango

By admin / Published on Saturday, 02 Jun 2018 14:18 PM / No Comments / 653 views

Ibirori vyobereye mu gisagara ca Louiseville i Kentucky mu mpera z’uku kwezi kwa Ruheshi twaraye dutanguye ngo ntibikibaye ku mvo zitavuye kubateguye ivyo birori.


Nk’uko bibonekera mw’itangazo ryashizwe ahabona n’amashirahamwe ahurikiye muri US-Burundian Diaspora Network abarundi baba muri Amerika hamwe n’incuti zabo bamenyeshwa ko, kubera ingorane zitabavuyeko, ibirori vyari bitegekanijwe kuzobera mu gisagara ca Louisville, Kentucky, ku magenekerezo ya 29 na 30 Ruheshi 2018, vyungurujwe ku rindi sango.

Ivyo birori navyo ni :

  • “2018 Miss Burundi-USA Pageant Competition”
  • “2018 Burundian-American Network Symposium”

Amashirahamwe ahurikiye muri US-Burundian Diaspora Network akaba abaye arabashimira ku kungene muza kwihangana mu kurindira irindi sango rizomenyeshwa mu misi ya vuba.

 

10,917 total views, 0 views today