Scroll to Top

Uru nirwo sentare nkuru y’igihugu ya Kirundo yabaciriye

By La Rédaction / Published on Saturday, 02 Jun 2018 17:46 PM / /

Kuri uno wa gatandatu uri hejuru, igenekerezo rya 2 Ruheshi umwaka w’2018, sentare nkuru y’igihug yao mu ntara ya Kirundo mu rubanza rw’ikibiriraho yakatiye umunyororo w’ugupfungwa imyaka indwi hamwe n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi angana n’umuriyoni umwumwe n’igice abagabo bane bagirizwa icaha co gutunga ibirwanisho bicira umuriro batabifitiye uruhusha.

Nk’uko amakuru ava mu ntara ya Kirundo abimenyesha, kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruheshi, abantu bagera kuri bane bari bafatanywe itonga ry’ikirwanisho gicira umuriro mu masaha ashira isaha zibiri n’igice z’agatondo bahavuye bashikirizwa ubutungane mu ntumbero y’ugucirwa urubanza rw’ikibiriraho.

Sentare imaze kubumviriza ndetse bakanagira icaha c’ugutunga ibirwanisho bicira umuriro batabifitiye uruhusha, abo bantu bane aribo Ndikumagenge Richard, Ntezimana Jean Claude, Igiraneza Fiston hamwe na Niyonzima Vital bakaba bahavuye bahanishwa umunyororo w’ugupfungwa imyaka indwi hamwe n’ihadabu ingana n’umuriyoni n’igice vy’amafaranga y’amarundi kuri umwumwe.

Twobamenyesha ko abo bagabo bompi uko ari bane bafatiwe muri komine Kirundo ariko ku mitumba itandukanye, aho babiri muribo bafatiwe ku mutumba wa Rugera, uwundi umwe afatirwa ku mutumba wa Runanira ya kabiri nayo uwugira kane afatirwa muri Runanira ya gatatu. Amakuru ava ngaho nyene bafatiwe ameneysha ko bafatanywe inkoho yo mu bwoko bwa “Pistolet” ndetse ngo hakaba hoba hari n’iyindi yo mu bwoko bwa “Kalashnikov” yo itashoboye kuboneka.

13,586 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment