Scroll to Top

Abanyeshure buca bakora ikibazo ca Reta basabwa kuzogira iyi nyifato

By La Rédaction / Published on Sunday, 03 Jun 2018 08:08 AM / /

Ubushikiranganji bw’indero bwatanze imyifato ngenderwako ku banyeshure bazokora ikibazo ca Reta kuva aho bukera kuwa 5 Ruheshi.

Ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’ubuhinga busaba abanyeshure biteguriye gukora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo gutangura igice ca kabiri c’amashure nshingiro kuzoshika ku masaha ategekanijwe, hamwe no kwigenza neza.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uno wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 2 Ruheshi 2018, Juma Edouard yamenyesheje ko abanyeshure biteguriye gukora ico kibazo babwirizwa kugira isuku mu mico y’ikirundi kandi bakabwirizwa kwambara bakikwiza.

Mwomenya ko ico kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi uwu mwaka w’2018, bikaba bitegekanijwe ko abanyeshure bazokora ico kibazo bangana 9925, kikazokorerwa mu bibanza bingana 1015.

10,717 total views, 0 views today

Categories : Education homepage kirundi

Add Comment