Scroll to Top

Abakunzi ba Kigingi summer comedy ngo nibikazanure

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 03 Jun 2018 03:03 AM / /

Inyuma yaho mu mwaka uheze atumiriye abakinyi ba Comedy bo mu bihugu duhana imbibe, Kigingi uno mwaka yasubiriye kwagura imihora.

Nkuko urupapuro ndangagiteramo ruvyerekana, uwo mukinyi ngo azotumire abakinyi batandukanye ba Comedy bo muri kano karere Uburundi burimwo ka afrika y’ubuseruko hamwe n’igihugu ca Congo.

Naho biruko, urwo rupapuro rukaba ruterekana amazina y’abo bakinyi bazokwitabira ico gikorwa. Izina rimaze kumenyekana rikaba ari irya kigingi wenyene.

Ikitaramenyekana sico gusa, kuko hampande y’igenekerezo rya 11-8 rimaze gushirwa ahabona, ikibanza ico gikorwa giharurwa mu vyakira abantu benshi I Bujumbura mu mwaka kizoberamwo kikaba kitaramenyekana.

Mwokwibuka ko mu mwaka uheze kigingi Summer Comedy yabereye kuri EFI Nyakabiga nayo mu mwaka was 2016 ikaba yabereye kuri Serenity Garden.

11,873 total views, 0 views today

Add Comment