Scroll to Top

Ivy’ugusubirana kwa Diamond na Zari bisa n’ivyapfuye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 04 Jun 2018 07:14 AM / /

inyuma y’isohoka ry’amasanamu y’akaririmbo Iyena ka Diamond hakwirakwijwe urukurukuru ko uwo muririmvyi yoba yasubiranye n’uwahoze ari umukunzi wiwe Zari the boss lady.

Indirimbo Ineya ngo yafashwe amasanamu Diamonda platnumz na Zari the boss bataratandukana, aho hari mu kwezi kwa 2 kw’uno mwaka, nkuko amakuru dukesha insamirizi Galaxyfm abishikiriza.

Ayo makuru nyene akabandanya amenyesha ko umukunzi wa kera akaba na mama w’abana 2 ba Diamond, Zari The Boss lady ngo nubu ntiyerekwa ico gihangange ngo ni Daimond. Ivyo bikaba bibonekara muvyo uwo muvyeyi wa Tiffah yishuye umu fans wiwe ku rubuga rwa Instagram.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe hari urukurukuru ko Diamond na Zari boba basubiranye kubera amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha Iyena aheruka gushira ahabona. Muriyo bakaba baboneka bagira ubugeni, ivyo bamwe bafashe nkavyo.

7,755 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment