Scroll to Top

Sport Pesa Cup: Mac Arthur agiye guhura Na Simba ya Masudi Juma mu gice ca kabiri.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 04 Jun 2018 11:35 AM / /

Mu gihugu ca Kenya hariko harabera inkino z’igikombe citiriwe Sport Pesa Cup, igikombe catunganijwe n’ishirahamwe rya SportPesa, kigahuza imigwi ine yo mu gihugu ca Kenya n’iyindi ine yo muri Tanzania.

Kuva ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo  rya kabiri Ruheshi, umugwi wa Kakamega Homeboys ukinamwo umunyegoli wa hano i Burundi, Arakaza Mac Arthur wakuyemwo Yanga Africans ya Tambwe Amissi.

Kuri uno wa mbere, Simba Sports Club ikaba nayo yakuyemwo biciye ku ma penalties, Kariobangi Shalkes.

Mu gice ca kabiri c’iryo higanwa gitegekanijwe gutangura ku munsi wa kane, Kakamega Homeboys izokina na Simba Sports Club ifise umumenyereza w’icegera Irambona Masudi Juma.

Mwomenya ko umugwi uzotahukana igikombe mu mpera z’ino ndwi, uzoba uronse amahirwe y’ukuja mu gihugu c’Ubwongereza gukina na Everton nayo isanzwe ifashwe mu mugongo n’uyo mugwi.

Imigwi yitabiye iryo higanwa hari: Gormahia- Simba Sports Club- AFC Leopards- Yanga Africans-  Kariobangi  Shalkes- Kakamega Homeboys- Singida United- JKU ( Zanzibar).

5,911 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment