Scroll to Top

Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda bakoze ikibazo ca Reta

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 05 Jun 2018 01:36 AM / /
Umushikiranganji Janvière Ndirahisha atanguza ikibazo co mu mwaka w’icenda (Ishure nshingiro rya Nyakararo mu ntara ya Mwaro , igenekerezo rya 5 Ruheshi

Mu gitondo co kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 ruheshi, Umushikiranganji Janvière Ndirahisha yatanguje ikibazo co mu mwaka w’icenda y’ishure nshingiro mu natara ya Mwaro kuri kw’ishure nshingiro Nyakararo .

Umushikiranganji Janvière Ndirahisha ahajeje gucungera ikibazo mw’ishure akanya gatoyi yavuze ko ashimishijwe ni ukubona ikibazo catanguye ku mwanya wategekanijwe aho yaciye hose mugabo akagira amakenga niba no mu gisagara ca Bujumbura ariko vyagenze.Yashimishijwe kandi n’ukubona abanyeshure bari batekanye kandi bakeye mu maso.Yaciye abasaba ko n’ejo bozinduka kugira bazoronke umwanya wo kwitegurira ikindi kibazo.Yanameneyeshejeko hamwe hagize uwuyoberwa amashure y’imyuga ahari.Aho ni mugihe mu banyeshure 6 basivye ikibazo kw’ishure yisumbuye ya Nyakararo harimwo umwe yamaze kuja mu ntara ya Rumonge kwiga agukora amasabuni.

Nkuko bishikirizwa n’umuyobozo w’indero muri iyo ntara  Omer BARANDAGIYE, abanyeshure 5385 ni bobitezwe gukora ico kibazo mu ntara ya Mwaro mu bibanza 39.

Omer Barandagiye yari yamenyesheje kuri uyu wa mbere  ko ibibazo vyashikanywe vyose mu makomine yose igize iyo ntara .

Muri iyo ntara, abigisga bo mu mashure mato mato b’imyaka ya 5 na 6 bagera ku 273  ,aba yobozi na bamwe mu bigisha b’inyuma y’ishure nshingiro bazoba ari abakuru b’ibibanza akaba ari bo bazogicungera ico kibazo.

Mu gihugu cose hari hitezwe abanyeshure 99.025 nibo bitezwe gukora ico kibazo mu bibanza birenga igihumbi.

Igishasha mu nteguro y’uno mwaka ngo abanyeshure  bamenye ibibanza bazokwicaramwo n’inomero zabo  hakiri kare nkuko bimenyeshwa na Firmin Vyumvuhore arongoye umurwi ujejwe gutegura ico kibazo.Ivyo ngo bigatuma baza gutangura kare.

Abanyeshure bakoreye kw’ishure ryisumbuye  rya Komine Mishiha

Iyo saha ikaba yubahirijwe no kw’ishure ryisumbuye  rya Komine Mishiha yo mu ntara ya  Cankuzo kandi  nkuko bitegekanijwe bahereye ku vyigwa bibiri arivyo Entrepreneuriat na Sciences Humaines.Ico kibazo kikazorangira ku musi wa kane.

Kubera ingingo yo gufuta ishure idashikanye ibice mirongo itatu kw’ijana, abayobozi bamwe bamwe cane cane bo mu gisagara ca Bujumbura bo mu mashure yigenga baciye bagabanura ibitigiri vy’abanyeshure kugira basigarane abo bibabaza ko bazomenya ico kibazo.

1,788 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment