Scroll to Top

#Urwevu| Mariage|: Ukwubaka si ukwubika inda: Hano hari ibindi vyogufasha kurushinga

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 05 Jun 2018 03:49 AM / /
isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga baciye urwevu imbere yacu barihweje basanga mu kubana neza n’abantu , canke mu kurondera ukugira umugenzi umuntu awariwe wese, hari inyifato umuntu ategerezwa kugira maze kugira agire umubano mwiza n’abandi.

Kimwe muri izo nyifato ni ic’uko twobanza tukamenya ko umuntu wese yikunda muri kameremere yiwe. Ibintu vyose umuntu agira biba bifatiye k’ukuntu wewe abona , ku gaciro aha bino na biriya. Ivyo navyo nk’uko abahinga babimenyesha, ngo biba bifatiye ku rusukirane rw’ivyo yaciyemwo kuva akivuka , ivyo yigishijwe , ivyo we nyene yiyigishije eka n’ibindi n’ibindi…

Kugira rero umuntu ngo mushobore kuba abagenzi, vyoba vyiza ngo ubanje ukamwubahira uko abona ibintu. Umuntu rero vyiza wokwihutira ukwihweza neza ivyo akunda cane, maze mu kumwegera ukamwegera umwereko uha agaciro ivyiyumviro vyiwe. Muri ico gihe azoca agukunda kuko azoba yumvise ko umuhaye agaciro.

Tuvuye muri rusangi rero dusanga ico ciyumviro cogufasha cane mu kubaka. Ingo nyishi zisambuka kubera umwe wese avuga ngo” eka da! inyifato yiwe sinoyisabirako”. Ico ukwiye kumenya n’uko muri ico gihe uba uciye urubanza ufatiye kuvyo wewe ubona uciye kuvyo wewe uha agaciro. Aho rero bizokugora uba uriko urarondera ko abantu bose boba nkawe, nk’uko woba ubaye akarorero ngenderwako mpuzamakungu.

Ku vy’ukuri hariho inyifato, dufatiye kuvyo duha agaciro muri rusangi, zitaba zibereye ijisho. Iyo uwo mubana rero agize izo ngorane, mu kumwegere wobanza kumwereka bukebuke ko uha agaciro maze buhorobuhoro ukagenda uramukiranura gushika usange yagiye iyo ushaka aguma yibaza ngo ni ubushake bwiwe .

Ukubaka canke eka mbere n’iyindi migenderanire yose isaba ubwenge! Umenye ko burya abantu( canecane abagabo) benshi bashobora kureka guhindura inyifato itabereye urugo kubera gusa base kwemera ko ari wewe( umupfasoni wabimutegetse. Muri ico gihe rero urumva ko, kubera ukudaca urwevu, uba wishe n’akokize. Aho niho rero Abasokuru baciye bamara bati” Ngorore yavunye ibano”. Ushatse kugorora ukoresheje inguvu , udakoresheje ubwenge, usanga wishe n’akokize.

Ca urwevu, urushinge rugume.

950 total views, 0 views today

Add Comment