Scroll to Top

#Urwevu|Succès| Ku nzira ija kw’isonga: Ubwenge burarahurwa! Ugenda utabaza, ugasaza utamenye!

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 05 Jun 2018 04:11 AM / /
Ku nzira ija kw’isonga

Yemwe muntu( Cane cane urwaruka) wese woba wicaye utaratekanya ico uzoba washitseko mu myaka hagati ya 5 na 10 , umenye ko uriko uriyima amahirwe y’ugutera imbere kandi ukanateza imbere abandi bantu.

None wohomba iki ufashe iyo mpanuro? Ugasanga uno musi Amerika iri ku masonga n’ukuberako abantu baho bakoze ibishoboka kugira ihashike. Ibi vyiyumviro rero biri muri bino bitabo banditse , nawe ubikoresheje ntacobuza y’uko nawe ushika ku masonga. Wibuke ko ivyo turi uwu musi, bifatanye cane n’ivyo twariko turiyumvira mu myaka itanu iheze( muri 2013). Uko abahinga babivuga, ubuzima uzoba uriko ubamwo mu myaka itanu iza( 2023) buzoba buhagaze ku vyiyumviro n’inyifato uriko uragira uno musi.

None rero ko uceye urwo rwevu, urahamagariwe gutegekanya ico uzoba uri mu myaka itanu, canke cumi( bivanye n’iyo ushaka gushika). Utegerezwa kuba wicaye ufise isanamu itomoye y’uko uzoba umeze muri ako kazoza. Iyo sanamu uyitondere cane, uyikore gushika aho uyibona neza uhumirije ata gasembwa. Ivyo uhanuwe kubikora kuko ukabikora uzosanga mu myaka itanu wabishitseko.

Ka gatimatima ko mu bwonko, (Subconscient) kamwe gatuma usanga uriko urakora ibintu utabanje kwiyumvira( nk’uguhemwa , digestion n’ibindi…) gakeneye ko ugaha isanamu itomoye y’ivyo ushaka maze gutyo kaze gaheze kayikorereko kagushikanire ivyo wifuza.

Twebwe tuguciriye agace. Abahinga bakomakomeye baranditse ibitabo bikomeye bivurwa ko vyafashije abantu benshi gushika ku masonga. Hari n’igitabo gikomeye canditswe n’uwitwa Napoleon Hill w’umunya Amerika , gushika uno musi ibihanange vyinshi bimenyesha ko ivyiyumviro birimwo arivyo vyabashikanye kure. Ico gitabo citwe” Think and Grow Rich”.

Nyaragasa rero , urondere uko woronka ico gitabo, ugisome wisubiriza gushika aho uteba ukagendera ku vyiyumviro birimwo.

Ba sokuru barayamaze bati ubwenge burarahurwa!

Ce urwevu canecane rwaruka, ubwenge buri mu bitabo? Soma ibitabo vyinshi bishoboka!

1,540 total views, 0 views today

Add Comment