Scroll to Top

Jimmy Ndayizeye agiye kumenyereza Bugesera Fc

By Janvier Nzokurigomba / Published on Tuesday, 05 Jun 2018 05:07 AM / /

Umumenyereza w’umurundi ariwe Jimmy Ndayizeye agiye kumenyereza umugwi Bugesera Fc inyuma y’ukwezi kurenga ata mugwi yari afise.

Jimmy Ndayizeye akaba yahoze ari umumenyereza w’umugwi wa Espoir Fc wo mu gihugu c’Urwanda ariko kubw’umusaruro muke yatanze yahavuye ahagarikwa mu mabanga yo kubandanya amenyereza uyo mugwi ari kumwe n’ivyegere vyiwe.

Jimmy Ndayizeye akaba asubiriye uwitwa Hitimana nawe yari amaze amezi atatu amenyereza uyo mugwi Bugesera Fc ariko ata musaruro mwiza yigeze atanga.

Jimmy Ndayizeye akaba aza gutanguza imyimenyerezo yiwe ya mbere kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi umwaka w’2018 akaba agiye ahasanzwe hari abakinyi b’abarundi batari bake harimwo Steeve Nzigamasabo, Nimubona Emery Kadogo, Nininahazwe Fabrice Messi, Bukebuke Yannick, Ndayishimiye Hussein, Hamwe na Hakizimana Vianney batazira Okocha.

9,543 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment