Scroll to Top

Amasanamu ya Sabwe ya Masterland yagizwe icitegererezo ku batahora babona ivyiza biva aha iwacu

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 05 Jun 2018 09:35 AM / /

Amasanamu y’indirimbo Sabwe ya Masterland ariko atangwako akarorero ngo abahora bavuga ko atavyiza abahinyanyuzi ndundi bakora ngo barabireko, baheze bikosore.

Abayamaze bagize ngo uwitonze abimira ibinoze. Umuririmvyi Masterland ku musi w’ejo yashize ahabona amasanamu y’akaririmbo kiwe yise Sabwe. Ayo masanamu akaba abatari bake bari bayarindiranye igishake, ariko akaba yasa n’ayatevye gato kuko yariko arahinyanyurirwa muri The Bantu Bwoy na Elarts.

Ayo masanamu abatari bake babonetse ku rubuga rwa Facebook, bakaba bariko bayatangako akarorero ngo abahora bavuga ko aha iwacu ata vyiza bihava, ngo nibahamagarwe noneho berekwe iryo sanamu. Uwo muririmvyi akaba ata vyinshi arashikiriza kuri iyo ndirimbo yashimwe n’abatari bake.

Mwomenya ko amasanamu ya nyuma y’uyu muririmvyi ari amasanamu y’akaririmbo Alima yakozwe mu mwaka wa 2017 mu kwezi kw’9. Ayo akaba nayo nyene yari yakozwe na Elarts arikumwe na Hugues Bana.

9,804 total views, 0 views today

Add Comment