Scroll to Top

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye yaraye ahagaritswe mu mabanga

By La Rédaction / Published on Wednesday, 06 Jun 2018 19:05 PM / /

Nk’uko bibonekera mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruheshi umwaka w2018, komite nkuru y’umugambwe Sahwanya Fodebu Nyakuri iragi rya Ndandaye wahagaritse mu mabanga David Niyoncungu yahora ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe.

Kefa Nibizi arongoye uwo mugambwe, amenyesha ko mu vyatumye David Niyoncungu ahagarikwa mu mabanga, ar’uko atarangura neza amabanga yashinzwe.

Uwo mukuru w’uwo mugambwe amenyesha kandi ko, mu gihe kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018 hari hategekanijwe inama idasanzwe yiga uko imyiyamamazo yagenze, abari muri komite nkuru y’umugambwe ku rwego rw’igihugu 35 kuri 44 bayigize banditse basaba ko hokorana inama idasanzwe yiga ku kibazo ca David Niyoncungu.

Kefa Nibizi, arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye, amenyesha ko mw’ikete abo 35 banditse bagiriza David Niyoncungu umunyabanga mukuru w’umugambwe kuba atarangura neza amabanga ajejwe, no kuba afise imyifato ishobora gutuma ibikorwa vy’umugambwe bisubira inyuma.

Kefa Nibizi amenyesha ko abagize komite nkuru y’umugambwe bamaze guhanahana ivyiyumviro, bashize ahabona ivyemeza ko David Niyoncungu adashoboye kurangura neza amabanga y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, hamwe n’imyifato yiwe ituma umugambwe usubira inyuma aho gutera imbere, niko gufata ingingo y’ukumuhagarika muri ayo mabanga amazi atararenga inkombe.

9,903 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment