Scroll to Top

Imiriyoni 30 z’amanyamerika nizo zatanzwe mu ntumbero yo kunagura ishirahamwe Onatel

By La Rédaction / Published on Wednesday, 06 Jun 2018 19:45 PM / /

Amafaranga angana n’imiriyoni mirongo itatu z’amadorari y’abanyamerika niyo Reta y’Uburundi yatanze kugira ngo aze afashe mu bijanye n’inagurwa ry’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Onatel (Office National de Télécommunication).

Mu rugendo yagize ku cicaro gikuru c’iryo shirahamwe Onatel muri karitiye ya Kabondo, umushikiranganji w’ubuhinga bwo kumenyesha amakuru nyakwubahwa Evelyne Butoyi yamenyesheje ko ayo mafaranga Reta yatanze azotuma iryo shirahamwe risa n’iryari ryasubiye inyuma, rizoshobora kuzunzubuka maze ribone kuja ku rugero rw’ayandi mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru asanzwe akorera mu Burundi ndetse no mu karere.

11,819 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment