Scroll to Top

Perezida Petero Nkurunziza yamenyesheje ko atazosubira kwitoza mu mwaka w’2020

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 07 Jun 2018 07:04 AM / /

Umukuru w’igihugu cacu Perezida Petero Nkurunziza yamenyesheje ku mugaragaro abarundi n’amakungu ko ikiringo ciwe c’ugutwara igihugu kizorangira mu mwaka w’2020.

Mu gihe yari aramutse atera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’Uburundi kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi umwaka w’2018, umukuru w’igihugu cacu Perezida Petero Nkurunziza yamenyesheje ku mugaragaro abarundi n’amakungu ko mu mwaka w’2020 atazosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Perezida Nkurunziza yashikirije ati : “Nisunze ijambo nashikirije abenegihugu mu mwaka w’2015 igihe abarundi bari basubiye kunyizera bakantora, nisunze ibwirizwa nshiniro ryo mu mwaka w’2005 narahiyeko hamwe n’ibwirizwa nshingiro rishasha mpejeje gushirako umukono, ndamenyesheje ku mugaragaro abarundi n’amakungu ko ikiringo canje co gutwara igihugu kizorangira mu mwaka w’2020”.

Nayo ku bijanye n’ibwirizwa nshingiro rishasha ryateweko umukono uwu musi, Perezida Nkurunziza yamenyesheje ko atari iryiwe nk’uko vyari bimaze imisi bihuhurwa yamara ari iryo inyungu y’igihugu n’abenegihugu, akaba ngo agiye kuzoshigikira umukuru w’igihugu mushasha azotorwa mu mwaka w’2020.

9,688 total views, 0 views today

Add Comment