Scroll to Top

Intamba mu rugamba z’abakuze bimirije inkino za kivandimwe.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 07 Jun 2018 12:03 PM / /

Amakuru ava ku  basanzwe bajejwe  gutegura umugwi nserukiragihugu, aramenyesha ko Intamba mu rugamba z’abakuze zatanguye imyimenyerezo kuva ku munsi wa gatatu, zigiye gukina inkino za kiandimwe hano mu gihugu.

Izo nkino zikaba zitegekanijwe mu ntumbero y’ ugutegura inkino z’ukurondera itike y’igikombe ca Afrika ku migwi nserukira bihugu kizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka w’2019.

Umumenyereza Olivier Niyungeko yahamagaye abakinyi bakurikira kugira ngo bitegurire izo  nkino zizobahuza na barumuna babo bari mu mugwi w’abatarenza imyaka 20.

Abahamagawe: Nahimana Jonathan- Mutombola Fabien- Ndizeye Samuel- Idi Saidi Juma-Hakizimana Issa-Radjabu Temba- Amini Abdoul- Ndikumana Moussa- Fataki Ali Intelligent-Akimana Tresor- Ndizeye Thomson-Idi Museremu- Bayizere Olivier.

Abakinyi bavuye hanze y’igihugu: Nduwarugira Christophe (Portugal)- Cedric Amissi ( Arabie Saoudite)- Frederic Nsabiyumva ( Sout Africa)- Mvuyekure Emmanuel ( Tanzanie)- Yussuf Lule Ndikumana ( Tanzanie).

Bakaba bategekanya guhurira mu bisagara bitatu vyo mu ntara hagati: Ku wa 16 Ruheshi bakazohurira mu ntara ya Ngozi.

Ku wa 24 Ruheshi bazohurira mu ntara ya Gitega, nayo ku wa 30 Ruheshi bakazohurira mu ntara ya Muyinga.

Uburundi bukaba bwimirije urukino mpuzamakungu ku batarenz aimyaka 20 mu kwezi kwa Mukakaro, aho buzohura n’igihugu ca Zambia.

Umugwi nserukira gihugu w’abakuze nawo ukaba uzokina n’igihugu ca Gabon mu kwezi kwa Nyakanga.

6,908 total views, 0 views today

Categories : homepage

Add Comment