Scroll to Top

Oslo: Diamond League: Niyonsaba mu kibanza ca kabiri ku metero 800.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 07 Jun 2018 14:01 PM / /

Mu rukurikirane rw’amahiganwa y’ugusiganwa ahuza abanonotsi rurangiranwa b’isi yose ( Diamond League), umunonotsi w’umurundikazi, Francine Niyonsaba ahajeje kuronka ikibanza ca kabiri mu gisagara ca Oslo muri Norvège kuri  uno mugoroba w’uwa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi.

Ahiganwa n’ibihangange nka Caster Semenya, Alemu Habitemu, Martinez Brenda. Niyonsaba rero akaba yaje mu kibanz ca kabiri, akoze 1′ 57”58”’ akurikiye Caster Semenya.

Uko bakurikiranye: Caster Semenya : 1’57”25”’

Niyonsaba Francine: 1’58,’57”’

Alem Habitem 1’58”58”’

Ihiganwa rikurikira rikazobera mu gisagara ca Stokholm mu gihugu ca Suède, inyuma y’amahiganwa  yabereye i Doha, Shangai, Eugene hamwe no mu gisaragara ca Roma.

8,213 total views, 0 views today

Add Comment