Scroll to Top

Lule Youssuf wa Musanze FC afise icizere co gutsinda Rayon Sports.

By Janvier Nzokurigomba / Published on Friday, 08 Jun 2018 03:45 AM / /

Umukinyi wo hagati akaba na kizigenza wa Musanze FC,   afise ubwene gihugu bw’Uburundi n’Urwanda Lule Youssuf afise icizere c’uko baza gutsinda umugwi Rayon Sports,  mu rukino rw’ikirarane rw’ihiganwa rya Azam Pemier League ruza kuba kuri wa gatanu, igenekerezo rya 8 Ruheshi umwaka wa 2018.

Mu kiganiro Lule ari kizigenza w’umugwi Musanze Fc yakoranye na kimwe mu binyamakuru vyo mugihugu c’Urwanda, Lule yemeje ko abakinyi ba musanze asanzwe akinamwo bose bameze neza cane kandi bari teguye gutsinda Rayon Sports kuri uyu musi.

Rayon Sports bategerezwa gukora uko bishoboka vyose kugira batsinde urwo rukino bagume baronka amahirwe yo guhiganirwa ikibanza ca mbere c’ihiganwa rya Azam Premier League, bakaba bari mu kibanza ca gatatu n’amanota 44 .

Lule akaba yaravuze y’uko bategerezwa kurangiza ihiganwa bari mu kibanza ca gatandatu canke c’indwi muri kino gihe bakaba bafise Amanota 27 mu nkino 10.

6,332 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports
Tagged as:

Add Comment