Scroll to Top

Jackson Baransananiye ashobora kuja muri Musongati Fc

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Jun 2018 08:32 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi mu mugwi Flambeau de l’Est Jackson Baransananiye ashobora kwerekeza mu mugwi Musongati Fc umwanya n’umwanya mu gihe ibiganiro hagati yiwe hamwe n’umugwi Musongati Fc vyogenda neza.

Ivyo bikemezwa n’umwe mu bantu bari hafi y’uwo mukinyi wa kera w’umugwi w’abasirikare Muzinga Fc muri kino gihe akaba yari asanzwe akina mu mugwi Flambeau de l’Est yarangije ihiganwa awutsindiye ibitsindo 7.

Jackson Baransananiye amasezerano yari afitaniye n’umugwi Flambeau de l’Est akaba amaze kurangira bikavugwa y’uko ubuyobozi bw’umugwi Flambeau de l’Est bushaka ko yongereza ayandi masezerano mashasha.

Jackson Baransananiye mu mwaka w’2016 ushira uw’2017 akaba yawukiniye mu gihugu ca Djibouti mu Mugwi Fc Dikhil wo mu cicaro ca mbere avuye mu mugwi Muzinga Fc akaba yarawinjirije ibitsindo bigera kuri 12.

8,521 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment