Scroll to Top

Massoudi Djuma niwe azoba umumenyereza mukuru wa Simba Fc mu rukino rwa nyuma

By La Rédaction / Published on Friday, 08 Jun 2018 13:58 PM / /

Umumenyereza w’umurundi yari asanzwe ari icegera c’umumenyereza wa Simba Pierre Lechantre Massoudi Djuma niwe azoba umumenyereza mukuru wa Simba Sc mu rukino rwa nyuma rwa Super Cup.

Massoudi Djuma akaba agiye kuba umumenyereza mukuru inyuma y’uwahoze ari umumenyereza mukuru w’uyo mugwi Simba Sc umufaransa Pierre Lechantre asiga umugwi Simba Sc mu gihugu ca Kenya ugiye mu rukino rwa nyuma mu mahiganwa ya Super Cup aho umugwi Simba Sc wahura na Gormahia.

Massoudi Djuma azomenyereza Simba sc mu rukino rwa nyuma rwa Super Cup ku musi w’Imana w’ino ndwi turimwo ku kibuga ca Afraha yicaye ku ntebe y’ubumenyereza ari wenyene.

Lechantre hamwe n’uwundi mumenyereza atanga inguvu bita physique bavuye mu gihugu ca kenya mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu mu gusubira mu gihugu ca Tanzania kumvo zo kumenya ingene baza bashobora kubongereza amasezerano mashasha agiye kurangira mu misi iri imbere.

Ntibiramenyekana ko Massoudi Djuma ariwe azosigaraga amenyereza uyo mugwi nk’umumenyereza Mukuru canke bazo rondera uwundi.

Mukamenye y’uko abakunzi b’umugwi Simba Sc bipfuzaga kuva kera ko umugwi wohabwa Massoudi Djuma bivanye y’uko kuvaho uyo Mufaransa Lechantre ashitse muri uyo mugwi Simba Sc ntiwakina umupira usukuye.

13,617 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment