Scroll to Top

#Diaspora | Kaka boney yagizwe umukuru w’ishirahamwe ry’abanyabuhinga b’abarundi bari Amerika

By KING YANN COOL / Published on Friday, 08 Jun 2018 16:53 PM / /

Hampande ya Kaka Boney yagizwe umukuru w’ishirahamwe ry’abanyabuhinga babarizwa muri Amerika, n’uwundi murwi munini nawo washizweho.

Ishirahamwe ry’abanyabuhinga b’abarundi baba mu mahanga bashinze Kaka Boney igikorwa c’ukurongora iryo shirahamwe Ku mugabane wa Amerika.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi magazine, twamubajije nimba azogumana ikibanza yahorana mu biro vy’iryo shirahamwe kw’isi, akaba yamenyesheje ko ico kibanza yashizwemwo kidashobora kujana n’ico yahoramwo. Ngo vyabaye ngombwa ko atanga imihoho mu mabaga yahoramwo.

Uwo muririmvyi abarizwa muri leta zunze ubumwe za amerika akaba yagomwe n’ibiro bikuru vy’iryo shirahamwe, aho azofatanya ico gikorwa na bagenziwe batandukanye nabo babarizwa kuri uwo mugabane.

Muribo habonekamwe abaririmvyi ba kera nka Africa Nova, Steven sogo n’abandi. S’abo gusa kuko habonekamwo umukuru w’ishirahamwe BINW, ariIndundi Magazine yegukira, Bagenzinikindi Pasteur.

Urutonde rw abagize ivyo biro akaba ari uru

President: Bonaventure Havyarimana aka KAKA Boney
Vice President: Thierry Ndabahagamye
General Secretary: Astere Kampayana aka Sugar
Financial: Steven Irambona aka Sogo& Luc Mpangaje aka Balozi
Communication: Bertrand Ninteretse aka Kaya Free& Pasteur Bagenzi
Technical Support: Rukundo Davy aka Dj Daddy
Logistics: Christian Nyandwi aka DJ Bade& Uwisweneza Aliya aka Aziza
Counselors: Antoine Marie Rugerinyange aka Africa nova & Willy Kabayabaya aka Michou
Coordination ( Planning): Annie Irankunda

15,194 total views, 0 views today

Add Comment