Scroll to Top

Romeo agiye gusubira mu guhinyanyura indirimbo

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 09 Jun 2018 02:55 AM / /

Ategeje Ku ruhande akazi asanzwe akora, Romeo yamenyesheje ko agiye gusubira kandi guhinyanyura indirimbo, akazokorera muri Zenges Record.

Romeo ininahazwe ngo agiye gusubira guhiyanyura umuziki. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Uwo muririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi azwi cane kuba yakoreye mu nzu y’ubuhinyanyuzi Ikirimba Arts, ngo ubu agiye gukorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi Zenges Records. Iyo ngingo ngo akaba yayifashe abihanuwe n’umugenzi.

Ico cegera c’uwutwara Amicale des Musiciens du Burundi ababashije kugira ico bashikiriza kuri ico gikorwa agiye gusubiramwo, bakaba baramuteye intege, nawe ashimira abariko baramushigikira. Bamwe mu bagize ico bashikriiza bakaba banavuze ko ariwe muhinyanyuzi bari barabuze.

Mwomenya ko Uwo muririmvyi asanzwe ari mu bahinyanyuzi bari bemewe aho hambere, mbere n’ubu akaba yahora yikorwako rimwe na rimwe n’abasanzwe bazi iyo ngabire yiwe.

15,784 total views, 0 views today

Add Comment