Scroll to Top

Aba nibo bakinyi Aigle Noir imaze kugura

By Janvier Nzokurigomba / Published on Saturday, 09 Jun 2018 14:24 PM / /

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 08 Ruheshi umwaka w’2018 niho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera akaba n’umurongozi w’umugwi Aigle Noir The Fighters Reveriyano Ndikuriyo abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi bwa Facebook yantanze amazina y’abakinyi 6 bamaze kugurwa muri Aigle Noi.

Muuri abo bakinyi dusangamwo abakinyi 2 bari batijwe mu mugwi Bumamuru Standard aribo bo :

– Omar ( Bumamuru)
– Thierry ( Bumamuru)
-Nshimirimana Jospin ( Delta Star)
-Christa ( Etoile de Mwumba)
– Papy ( Aigle Noir U17)
– Kabura Christian ( Olympic Star)

Mu kibuka ko umugwi Aigle Noir mu ndwi iheze wari washize ahabona abakinyi uriko uragurisha mbere muri abo bakinyi hakaba harimwo bamwe mu bakinyi bawo bakomeye nk’umusatirizi yarangije ihiganwa rya Primus league afise ibitsindo vyinshi ariwe Shaka bienvenue, Nyange Issufu , Moustapha seleman kizigenza, Mabano Shabani, Etando n’abandi….

13,408 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment