Scroll to Top

#diaspora | Ababirigi bagiye kwumva indirimbo za Semy

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 10 Jun 2018 03:46 AM / /

Hampande y’indirimbo zo nu majwi, Semy yashize ahabona akaririmbo Da why I say, agasohorera n’amasanamu.

Indirimbo 3 n’isanamu rimwe -Da why I say- nivyo bimaze gukorwa n’umuririmvyi Semirindi Jean Paul azwi kwizina ry’ubuhinga nka Semy, ivyo vyose muri uno mwaka wa 2018.

Mu kiyago Indundi Magazine yagiranye n’uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa buraya neza neza mu bubirigi, yagize ibitari bike avuga kuri uwo mwuga ariko akorera mu mahanga.

Inyuma y’imyaka itari mike ataco ashira ahabona, abari bamuzi kuri Centre Jeune kamenge bibaza ko yahagaritse ico gikorwa, ariko we avuga ko atari yarahagaritse ahubwo yariko ariga ubundi buryo bushasha bw’ukuririmba.

Ihangiro yari yihaye ngo kwari ukugira abashe gukora uwundi muziki utandukanye n’uwo yarasanzwe akora -Hip Hop- aha iwacu. Ico yemeza ko yashitseko.

Uwo muririmvyi akavuga ko muri kino gihe asa n’uwagarutse mu gikorwa ukuri kwamya, ubu akaba umuhinyanyuzi bariko barakorana mu bubigiri ngo ariko aramufasha ngo bikunde avuzwe muri ico gihugu, ikitaba coroshe. Aho agaca ategekwa kuririmba mu rurimi basanzwe bumva.

Ku kibazo c’ururimi rw’indirimbo, Semy yatubwiye ko atari ikibazo, kuko ngo mu misi iza utundi turirimbo tuzoja ahabona, ngo tuzoba turimwo indimi zitari nke zirimwo n’ikirundi.

Mwomenya ko uwo muririmvyi muri kahise yakoranye n’abaririmvyi nka R flow, chany Queen n’abandi.

10,384 total views, 0 views today

Add Comment