Scroll to Top

Marcelo ati “nta mpamvu n’imwe yotuma Neymar ataza muri Real

By La Rédaction / Published on Monday, 11 Jun 2018 08:53 AM / /

Umukinyi w’inyuma mu mugwi nserukira gihugu ca Bresil hamwe n’umugwi Real madrid ariwe Marcelo yavuze y’uko ata mpamvu n’imwe yotuma Neymar Junior ataza muri Real Madrid.

Abo bakinyi Marcelo hamwe na Neymar Junior bakaba bari kumwe mw’ikambi mu mugwi nserukira gihugu wa Brazil mu gisagara ca Londres mu bwongereza bariko baritegurira inkino z’igikombe c’isi yose zigiye gutangura kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi uwu mwaka mu gihugu c’uburusiya.

Abo bakinyi babiri bakaba bari incuti kuva kera yaba mu kibuga canke mu mugwi nserukira gihugu wa Bresil canke hanze y’ikibuga.

Marcelo akaba yagize ati” sinibaza ko hari impamvu yotuma Neymar ataza muri Real Madrid ndamuhaye kaze n’amaboko abiri kugira yifadikanye natwe sinibaza ko hoba ingorane ku bandi bakinyi”.

Ayo niyo majambo Marcelo yavuze. Izo nkuru za Neymar Junior zo kuja mu mugwi Real Madrid ntizigeze zishimisha umukinyi w’umunya portugal asanzwe akina mu mugwi Real madrid ariwe Christiano Ronaldo aho mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Champions League rwahuza Real Madrid hamwe na Liverpool yamenyesheje abamenyeshamakuru y’uko adashobora kuvuga uwushobora kumusubirira muri Real Madrid ntiyaramuka ayivuyemwo.

Christiano Ronaldo hamwe na Gareth Bale biravugwa y’uko umwanya n’umwanya bashobora kuva mu mugwi Real Madrid naho uburongozi bwa Real Madrid busa nk’ubwamaze kubihakana.

Gareth Bale akaba yifuzwa cane n’umugwi Machester United wo mu bwongereza kuva mu myaka iheze kurundi ruhande Christiano Ronaldo nawe akaba yifuza gusubira mu mugwi Manchester United.

9,414 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment