Scroll to Top

B Face yagarukanye mu ndirimbo “Free Style” iyindi migani igoye gusigura

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Jun 2018 06:44 AM / /

B Face inyuma y’imigani ijanye n’ugutandukanya isazi igoye gusubiramwo yaheruka gushikiriza mu karirimbo kiwe, yahavuye asubira kandi gushikiriza iyindi nayo nyene igoye gutangura insiguro mu karirimbo Free Style yashize ahabona.

Muri kamere ya B Face nta na rimwe akaririmbo kiwe kama kagenda ata mugani ugoye gusobanura wumvikanyemwo, kandi uwo mugani nyene ukaba usa nkaho kuri bamwe bamwe ari irya mbere bawumvise.

Mu karirimbo Freestyle aheruka gushira ahabona kuri uyu wa 5 igenekerezo rya 8 ruheshi, uwo muririmvyi aragaruka cane ku bantu muri kino gihe aho avuga ko bakwiye guhagarika gukora akazi k’abandi noneho ngo bagakora ivyabo. Aho akaba akavuga ko ababajijo basigaye bashaka kuvura, nayo ngo ata gihindutse abaragira ibitungwa mu misi iza ngo bazotangura kuragira abantu.

Mwomenya ko ako karirimbo kakorewe muri Hope Talent Studio na The Machine, mu misi itatu gusa kamaze kurabwa incuro zirenga 5000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

2,650 total views, 0 views today

Add Comment