Scroll to Top

Umumarayika murinzi kuri “The Queens”ngo n’uwo musore baririmvye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Jun 2018 07:18 AM / /

The Queens mu karirimbo kabo “My Angel” babona ko uwo musore ari nk’umumarayika murinzi.

Inyuma y’akaririmbo Mshuhurilikie, umurwi w’abigeme babiri “The queens” bashize ahabona akaririmbo My Angel, aho bagaruka ku buzima bw’urukundo.

Muriko abo bigeme bagaruka ku buzima boshima ko babana n’uwo musore, bagaruka kandi ku buryo yokwiyumva mu gihe boba barikumwe. S’ivyo gusa kuko muri ako karirimbo bagaruka bakabwira uwo musore ko naho atoba ahari ngo ata kibazo bamwizeye cane, ngo we bamufata nk’umumarayika.

Mwomenya ko akaririmbo kakorewe amasanamu n’umuhinyanyuzi O Farcy, kakorewe muri Master Muzik inzu y’ubuhinyanyuzi ya Masterland, aho akaba ari naho basanzwe bakorera indirimbo zabo.

4,477 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment