Scroll to Top

#diaspora | Ivyashikiye Umuvyeyi wa King Donny B biriko bikurikiranwa hagufi n’abajejwe umutekano

By KING YANN COOL / Published on Monday, 11 Jun 2018 09:27 AM / /

King Donny B aheruka kugira ikibazo, umuvyeyi wiwe agenderwa n’abagizi ba nabi barashe amasasu atari meka aho asanzwe aba, ariko we akaba ari amahoro.

Umuvyeyi w’umuririmvyi King Donny B aheruka guhura n’icago aho asanzwe aba muri Leta zunze ubumwe za amerika, neza neza muri leta ya New Hampshire.

Uwo muvyeyi w’uyo mwanditsi w’indirimbo Adorable,  ngo abantu barashe amasasu atari make mu nzu aho asanzwe aba nkuko amakuru dukesha uwo muhungu wiwe abishikiriza. Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko uwo muvyeyi wiwe yahavuye yitura abajejwe umutekano, ngo amatohoza akaba yaramaze gutangura ngo haboneke abashoboye kumukorera ayo mabi.

Mu kiyago gito twagiranye n’uwo muririmvyi akaba yamenyesheje Indundi Magazine ko ivyo vyashikiriye uwo muvyeyi wiwe haraheze imisi ishika kuri 14.

Mwomenya ko ivyo bishitse inyuma y’igihe gito uwo muririmvyi ashize ahabona amasanamu y’akaririmbo Adorable akaririko kifata neza mu barundi.

9,762 total views, 0 views today

Add Comment