Scroll to Top

Umunyakaranga Emile Masabarakiza ntakiri muzima

By Julien Barinzigo / Published on Monday, 11 Jun 2018 23:39 PM / /

 

Umunyakaranga Emile Masabarakiza yaraye yitavye Imana inyuma y’indwara y’akanya gatoyi.

Nkuko bivugwa na Bugaga Gabby ngo kuri uyu w’Imana mu muryango  bari baramutse baganduka ku muntu . Emile Masabarakize niwe yevuze n’ijambo! Urubanza rwarangiye bateramwye mu muryango afatwa n’ibizunguzungu  baca bamujana mu bitaro vyitiriwe umwami Kalhed vyo mu Kamenge. Abaganga bamutoye marariya baca bahitamwo ku mushira mu bitaro. Ngo babaye bakimuteye umuti   uca uravyimba.Yaciye ajanwa mu kibanza c’indembe ahava yitabira Imana inyuma yuko abaganga bagerageje bakoresheje imiti yotuma umutima uvyimbuka.

Emile Masabarakiza yarazwi cane nk’umuntu w’umunyakaranga kandi akunda n’ugutwenza abantu.Ivyo vyatumye yizigirwa n’abarongozi ngo afashe mu guteramisha abaje mu birori bitandukanye vya Reta.Inkuru abanshi bazomwibukirako n’iyijanye n’ukuntu yagiye mu ndege ari irya mbere yari yarihebuye ko urupfu rwo mu kirere ataho bazopfa bahuriye.

Imana imwakire

4,252 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment