Scroll to Top

#diaspora | Chris D ashobora gusohora akaririmbo gashasha inyuma ya Ramadhan

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 12 Jun 2018 07:10 AM / /

Akaririmbo gashasha bise “Mabebeza” ngo niko gashobora kuja ahabona inyuma y’ukwezi kweranda kwa Ramadhana aba Musulman barimwo muri kino gihe.

Inyuma y’igihe umuririmvyi Chris Dizzo abarizwa muri africa y’epfo asa nkaho ataco abarundi twumva kimuvuyeko, uwo muririmvyi ngo yoba agiye gushira ahabona akaririmbo gashasha. Ivyo vyabonetse ku rubuga rwiwe rwa Facebook kuri uyu muhingamo w’uyu wa 2 igenekerezo rya 12 ruheshi.

Uwo muririmvyi aheruka aha iwacu haraheze igihe kitari gito, akaba yamenyesheje ko kuri uyu wa 5 ata gihindutse ngo akaririmbo yise “Mabebeza”. Amakuru dukura muri afrika y’epfgo akaba avuga kandi ko uwo muririmvyi ashobora kuba afise n’igiteramo azitabira inyuma y’ukwezi kwa Ramadhan, ubona ko asanzwe ari n’umusiramu.

 

8,164 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment