Scroll to Top

#Urwevu|Mariage| Kora ibishoboka vyose ugumye urugo!

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 13 Jun 2018 06:17 AM / /

 

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe.

Ugasanga wariko uriyumvira kurusambura, sigaho! Teshwa ute!

Nkuko rero abahinga badahengeshanya kubimenyesha, burya ngo igihambaye gikuru umuntu yokora mu ntumbero y’uguhindura uwundi muntu n’uko rero yoheza ngo akarondera kwihidndura we nyene. Nkuko rero twama tuvyibutsa, abahinga mu mibano bamenyesha ko atakamaro k’ukwidoga , widogera inyifato ya mugenzawe idahuye n’ivyo ushaka.

Mu kiringo usanze uwo mubana muhuje ijana kw’ijana, aho ni amarame. Yamara mu gihe koko wosanga hariho ivyo mugahurijeko woheza ukarondera uko wewe nyene wokwihindura ufatiye k’ukuntu umubona, maze kugira ngo, nawe amaze kubona ko uhaye agaciro ivyo wewe aha agaciro, gutyo muraheza mugatera rero musa n’ababona ibintu kumwe ku neza y’urugo.

Nk’uko rero tubisoma mu bitabo binyuranye , ubuhinga bwo nyene bw’uguhindura umuntu ni ukwihindura wewe nyene. Ni ubuhinga bw’ukumera nk’uwuhwanye nawe maze mumaze kumera nk’abahuza ugaheza weho waciye urwevu ukagenda urabogora bukebuke mpaka ibintu bikaja mu nzira ishira imbere ineza y’urugo.

Abasokuru barayamaze bati akazimiye ntaho kataronderererwa! Abaciye urwevu mu bijanye n’impwemu baremeza ko ukoresheje zaburi ya 7, ukayifata ku mutwe maze ukaza urayisubiramwo ngo ishobora kuzana umubano mwiza mu rugo. Urabigerageza uzobona ubudasa( Ntuze ugire ngo ntavyo wamenye).

10,105 total views, 0 views today

Add Comment