Scroll to Top

Kigingi asubiye kuboneka akina ari umukobwa

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 12 Jun 2018 08:53 AM / /

Kigingi yasubiriye kuboneka akina nk’umukobwa agendana n’umuhungu mugufi, abiwabo bakamufata nk’umwana naho afise ubwanwa.

kigingi yatumiwe muri Kermesse

Mu gihe gukina yambaye canke ameze nk’umwigeme ari imwe mu ngabire zizwi kuri Mugenzi Aubin Alfred benshi bazi nka Kigingi, uwo yashize ahabona akandi gakino aho aboneka ariko akina nk’umukobwa. Muriko akaba yiswe Jacky.

Muri ako gakino k’iminota ibiri gusa, Kigingi akinana akababaro kenshi kubera akundana n’umuhungu mugufi, uwo muhira iwabo ngo bakaba baramwanse ngo kuko ameze nk’umwana naho afise ubwanwa. Ariko uwo musore azwi nka Ruvugo Valerie akaba yagerageje kwisigura ko iwabo basanzwe bafise ingabire y’ukuba hari ibihe baba ari bagufi, ariko mu nyuma bakaba barebare.

Ako gakino kakaba gasohotse mu gihe ariko yitegurira igikorwa ngarukamwaka -Kigingi Summer Festival- kizoba vuba cane.

Jacky : Ubona ubugeni bwacu bazobwemera?
Ruvugo : Bazobwemera nyene kuko nzoba narabaye muremure.

9,417 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment