Scroll to Top

Big Fizzo asabwa n’aba fans gusohora ako karirimbo

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 12 Jun 2018 09:33 AM / /

Big Fizzo asabwa n’aba fans biwe gusohora akandi karirimbo, inyuma ya Ni wewe imaze kurabwa incuro zirenga 110.000 ku rubuga rwa Youtube.

Inyuma y’amasanamu y’akaririmbo Ni wewe kamaze amezi 2 gusa gasohotse, Big Fizzo ashobora kuba agiye gushira ahabona akaririmbo kandi gashasha. Ivyo akaba yabishikirije we nyene ubwiwe ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, n’imbugangurukanabumenyi z’umurwi Wanajeshi Kamili nazo zikaba zashizweko iyo nkuru.

Aba fans b’uwo mwanditsi w’indirimbo Konzi imaze kurabwa incuro zirenga 118.000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube, bakaba bamusavye kuyisohora ngo kubera ko basanzwe banyoteye iyindi ndirimbo.

Iyo ndirimbo ishobora gusohoka, ikaba izoba ibaye iyindi isohotse mu gihe indirimbo z’abandi baririmvyi bari mu murwi The Bantu Bwoy zitarasohoka, ariko bijeje abakunzi b’iyo Label ko ibintu biriko birahinyanyurwa ngo vuba cane indirimbo zizosohoka.

Mwomenya ko Big Fizzo muri kino gihe ari umwe mu baririmvyi baha iwacu bariko bakora ibiteramo bitari bike kandi mu mwanya muto ngaha iwacu, ivyo bikaba vyari bimaze igihe bidakorwa.

10,208 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment