Scroll to Top

Igice ca gatatu c’ireresi “Kijiji cha uchawi” ngo kigiye gusohorwa mu misi ya vuba

By Janvier Nzokurigomba / Published on Wednesday, 13 Jun 2018 00:25 AM / /

Igice ca gatatu c’irersi “Kijiji cha uchawi” yari irindiranywe igishika ngo buca ishirwa ahabona nk’uko tubishikrizwa na bamwe mu barongozi b’umurwi ukina amareresi “The Kings Club” wo mu gisagara ca Rumonge.

Inyuma y’aho basohoreye igice ca mbere n’ica kabiri, ngo ntabwo baciye bicara ahubwo babandanije bakora kugira ngo barabe ko igice ca gatatu c’iyo reresi naco cosohoka. Naho atashimye kutumenyesha isango ntabanduka iyo reresi izosohorerwako, uwo arongoye umurwi “The Kings Club” atumenyesha ko atari kure cane kuko amasanamu aza yaramaze kwegeranywa ubu bakaba ngo bari mu bikorwa vy’ugukosora ubwa nyuma udukosa twoshobora kuyibonekezamwo maze baduhejeje baheze bayishire ku mugaragaro.

Twobibutsa ko amareresi ndundi hamwe n’udukino dutwenza atahandi mubisanga atari ku rubuga ngurukanabumenyi youtube “NihoTV Burundi” hamwe no kuri page ya facebook “Burundi movies&comedies”.

Agace gato k’iyo reresi mushobora kugakurikirana aha musi :

6,583 total views, 0 views today

Add Comment